Papa Francis ngo afise isoni ry'ivyaha vy'aba Patiri bo muri Chili

Papa afise umubabaro n'isoni kubw'ihohoterwa ry'abana ryakozwe n'aba Patiri

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Papa yavuze ko yumva isoni ry'ivyo abapatiri bahohoteye abana muri Chili bakoze

Papa Francis yabariye abari bitavye igikorane ku kirimba c'umukuru w'igihugu muri Chilie, ko yumva umubabaro n'isoni kubera amabi atagira izina yakorewe abo bana.

Muri Chili abanyagihugu benshi ni abakirisu b'aba Katolika.

Ariko benshi barababajwe n'uko Papa Francis yagenye umusenyeri yahoze ari umunyeshure wa patiri Fernando Karadima.

Chili

Ahavuye isanamu, NONE

Insiguro y'isanamu, Abantu bagiye mu myiyerekano biyamiriza gukingiranira ikibaba kw'akategetsi ba Ekleziya muri Chili

Ubutegetsi bwa Vatikano bwasanze Fernando Karadima yagirwa n'icaha co guhohotera abana b'abahungu mu kiringo c'imyaka n'iyindi.