Papa Francis ngo afise isoni ry'ivyaha vy'aba Patiri bo muri Chili

Ahavuye isanamu, EPA
Papa Francis yabariye abari bitavye igikorane ku kirimba c'umukuru w'igihugu muri Chilie, ko yumva umubabaro n'isoni kubera amabi atagira izina yakorewe abo bana.
Muri Chili abanyagihugu benshi ni abakirisu b'aba Katolika.
Ariko benshi barababajwe n'uko Papa Francis yagenye umusenyeri yahoze ari umunyeshure wa patiri Fernando Karadima.

Ahavuye isanamu, NONE
Ubutegetsi bwa Vatikano bwasanze Fernando Karadima yagirwa n'icaha co guhohotera abana b'abahungu mu kiringo c'imyaka n'iyindi.






