Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
SudaniYepfo yatezuriye amashirahamwe mpuzamakungu
Ubutegetsi bwa Sudani Yepfo bwatezuriye amashirahamwe y'abatabazi, akaba azomara umwaka atarishe amahera yahora atanga kugira ngo akorere muri ico gihugu.
Ubutegetsi buvuga ko ivyo bishobora guha ingoga ayandi mashirahamwe yipfuza kuja gukorera muri Sudani Yepfo, aho igice c'abanyagihugu bose bakeneye imfashanyo.
Mu bisanzwe amashirahamwe mpuzamakungu ariha amadolari $3500 kugira ngo ashobore gukorera mu gihugu.
Uwuserukira Amerika mu muryango mpuzamakungu Onu, Nikki Haley, yashimye iyo ntambwe, ariko asaba ko amahera ategekanywa ku mpusha zo gukorera mu gihugu nayo nyene yosubigwamwo.
Abakora mu mashirahamwe mpuzamakungu y'ubutabazi bariha hagati y'ibihumbi bibiri na bine vy'amadolari ngo bashobore kuronka uruhusha rwo gukorera mu gihugu (work permit).