Ubwongereza bwagenye umushikiranganji ajejwe ubunyakamwe

Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May
Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May

Ubwongereza bwagenye umushikiranganji w'ubunyakamwe ajejwe guhangana n'ico umushikiranganji wa mbere Theresa May yise "ukuri kubabaje kw'ubuzima bwa none" bw'abanyagihugu batari bake.

Mu mwaka uheze, umugwi wakoze itohoza wasanze hafi abantu imiliyoni icenda ari kenshi canke iminsi yose inyakamwe - ivyo bigashobora kugira ingaruka mbi ku magara.

"Nipfuza guhangana n'iyo ngorane iri mu banyagihugu, twese hamwe turonderere umuti ico kibazo c'ubunyakamwe gikunze kwibonekeza mu basaza, mu babuze ababo, badafise uwo baganira ngo basangire ivyiyumviro n'ubuzima babayemwo," niko Madamu May yavuze ku munsi wa gatatu imbere yuko agena umushikiranganji Tracey Crouch, nkuko New York Times ibivuga.

Abo mu gisata c'ubuvuzi bamaze igihe bagabisha ko ubunyakamwe ari nk'ingwara ishobora kugira ingaruka mbi ku magara, mu mutwe no ku kuntu umuntu yakira ibimushikiye canke ivyo abonye.

Bavuga ko umuntu ashobora gufatwa n'ingwara y'umutima, ingwara y'isukari, kanseri n'izindi, nkuko abatohoje bavuga.

Ku bw'itohoza ryakoreshejwe n'ubutegetsi, abasaza 200000 nta muntu numwe baronka bavugana ku kiringo c'ukwezi kwose.