Arahiga gukura al-Bashir ku butegetsi

Sadiq al-Mahdi

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Leta ya Sadiq al-Mahdi yakombowe na Omar al-Bashir mu 1989

Sadiq al-Mahdi, yabaye kuva kera mu batavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Sudani, yahamagariye abanyagihugu 'guhaguruka bakiyamiriza ubutegetsi'.

Bwana Mahdi, umukuru w'umugambwe Umma Patry, yavuze ko abajejwe umutekano bamubujije guhanvya abandi mu myiyerekano, ariko rero ntiyatawe muri yompi nk'uko vyakekwa kare.

Ariko hari uwundi mukuru w'umugambwe ungendera ku vyiyumviro vy'aba Komunisita, Mokhtar al-Khatib yafashwe uno munsi.

Mu kiganiro yahaye abanyamakuru, bwana Mahdi yavuze ko ubutegetsi bwongeye kuzama mu buryo butari bwaboneke.

Yavuze ko bwabankiye inzira izo ari zo zose z'ibiganiro none 'igisigaye ari ukubukubita hasi, Imana ibishatse'

Bwana Mahdi yavuze ko imyiyerekano izokomeza, asaba igisirikare n'igipolisi kutabafata.

Yasavye n'imigwi yitwaje ibirwanisho idacana uwaka n'ubutegetsi guhagarika intambara bakifatanya n'abari mu myiyerekano.

Igiciro c'umukate n'ibindi bifungurwa caraduze cane muri iyi minsi, kuva aho ingano zikeneye zigatuma igiciro c'ifarini kiduga.