Rwanda: Gutegekaniriza impanuka kwaduze 73%

Imodoka iri mw'isiganwa ry'imiduga muri Mountain Gorilla mu Rwanda

Ahavuye isanamu, BBC Sport

Insiguro y'isanamu, Imodoka iri mw'isiganwa ry'imiduga muri Mountain Gorilla mu Rwanda

Ugutegekaniriza impanuka mu gihugu c'u Rwanda kwadugijwe ku 73% ku miduga, ibanki nkuru yo igenzura ico gikogwa ikaba ariyo yemeje iyo ngingo.

Abagendesha imiduga bashavuye, bavuze ko amashirahamwe afasha gutegekaniriza impanuka yagiye hamwe, kugira ngo aduze amahera yatangwa.

Ukwo kuduza kw'ayo mahera, kubaye ubwa mbere kuva mu 2013.

Umuvugizi w'ayo mashirahamwe yavuze ko yarasigaye akorera ku ruhombo, ko bikenewe ko amahera yongerezwa kugira ngo bashobore kuriha abishuza.