Israeli yahaye impunzi iminsi 90 ngo zibe zagiye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igihugu ca Israeli cahaye impunzi ziharugwa mu bihumbi mirongo zituruka muri Afrika, iminsi 90 ngo zibe zavuye mu gihugu canke zitabwe mu mvuto iryo sango rirenze.
Izishika 38000 ntizashoboye kwemeregwa ubuhungiro, abenshi muri bo bagaturuka muri Eritrea na Sudani, bagasabwa gusubira mu bihugu vy'amavuko canke bakemera kuja kuba mu Buganda canke mu Rwanda.
Bahawe amahera yo kwifashisha amadolari 3500$, kugira ngo bashobore kugenda.
Iryo tegeko ntiriraba abana, abasaza canke abagizwe abashumba.
Ubutegetsi bwa Israeli buvuga kw'ukwo kuva mu gihugu, kuzokogwa mu buntu no ku bushake.
Ikigo ca Onu gifasha impunzi hamwe n'ibigo biharanira agateka ka kiremwa muntu, bavuga ko iyo ngingo ihonyanga amategeko mpuzamakungu.






