Thailande: Sentare yaciriye umwambuzi imyaka irenga 13000

Abantu barenga 40000 nibo bahenzwe bashira amahera yabo muri ayo mashirahamwe y'ubunyonyozi

Ahavuye isanamu, Image copyrightPAULA BRONSTEIN/GETTY IMAGES

Insiguro y'isanamu, Abantu barenga 40000 nibo bahenzwe bashira amahera yabo muri ayo mashirahamwe y'ubunyonyozi

Sentare yo mu gihugu ca Thailande yakatiye umwambuzi igipfungo c'imyaka 13275.

Pudit Kittithradilok, 34, yemeye ko afise amashirahamwe ya Ponzi aho yemerera abashizemwo amahera inyungu zitabaho.

Abantu barenga 40000 baragondojwe gushira amahera angana n'imiliyoni 160$ muri ayo mashirahamwe.

Sentare yasanze yagiye mu bikogwa vyo gukopesha bitemewe n'amategeko hamwe n'imitahe 2653 y'ubunyonyozi.

Bitewe nivyo yiyemereye, yaciye igabanya igihe c'igipfungo ku gice, nukuvuga imyaka 6637 n'amezi atandatu.

Ntazoshobora gufungwa imyaka irenga 20, kubera ko amategeko yo muri Thailande atarenza igipfungo c'imyaka 10 ku caha kimwe kimwe mu vyo yagirizwa.

Ubushikirizamanza bwabwiye sentare ko Pudit yakoresha amanama, aho abayitaba basabwa gushira amahera mu vyashara bishingiye ku bwubatsi, ivy'isuku ry'umubiri, imodoka zakoze hamwe n'ukurungika ibidandazwa hanze n'ibindi.

Nkuko ikinyamakuru Bangkok Post cavuze, abazana imitahe bemeregwa inyungu hamwe n'udushirukabute iyo binjije bashasha.

Nkuko bisanzwe bikogwa ku buryo bwa "pyramide", amahera ya bashasha yinjiye yamufasha kuriha ababinjije.

Pudit yarafunzwe vy'agateganyo mw'ibohero rya Bangkok kuva igihe afatiwe mu kwezi kw'umunani, ntiyemeregwa kwigomboza amahera.

Sentare yaciriye amande amashirahamwe yiwe ukwo ari abiri akayabu k'imiliyoni 20$ rimwe rimwe.

Pudit nayo mashirahamwe basabwe kuriha imiliyoni 17$ ku bakorewe ubwo bunyonyozi 2653 hamwe n'inyungu ya 7.5% ku mwaka.