Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imyiyerekano mu bisagara bitandukanye vya Irani
Abanyagihugu ba Irani bari mu myiyerekano mu bisagara bitandukanye vy'igihugu, igihugu ca Leta Zunze ubumwe za Amerika kikaba cagabishije ubutegetsi ko amakungu ariko arakurikirana ingene buvyifatamwo.
Ibihumbi vy'abanyagihugu binjiye muri iyo myiyerekano, abenshi muri bo bakaba bafashwe n'abajejwe umutekano.
Itangazo ryavuye mu biro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika, White House, rivuga ko abanya Irani barengewe n'ubutegetsi bwiziziwe n'ingeso y'ibiturire, bugakoresha amahera y'igihugu mu guterera mu bikogwa vy'iterabwoba".
Hagataho ubutegetsi bwasavye ababushigikiye kuja ari benshi mu myiyerekano ku munsi wa gatandatu.
Iyo myiyerekano niyo kwiyibutsa imyiyerekano yakozwe mu 2009 yashigikira leta y'abatipfuza amahinduka, yari irongowe na Mahmoud Ahmadinejad.
Umumenyeshamakuru wa BBC yavuze ko hari ibihumbi vy'abanyagihugu bajanywe muri iyo myirekano n'amabisi ya leta ku mugwa mukuru Tehran.
Amerika ivuga iki kuri iyo myiyerekano?
"Leta ya Irani ikwiye kwubahiriza agateka k'abanyagihugu, karimwo uburenganzira bwo guserura iciyumviro. Amakungu ariko arabikurikirana," niko umuvugizi wa White House Sarah Huckabee yavuze kuri Twitter.
Ubutegetsi bwa Amerika bwasavye ibihugu vyose "gushigikira abanyagihugu ba Irani n'ivyo basaba ku burenganzira bwabo, nuko ikibazo ca ruswa corangira".