Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US yafatiye ibihano bamwe mu bategetsi ku bigwanisho ruhonyanganda muri Korea ya Ruguru
Leta Zunze ubumwe za Amerika (US) zafatiye ibihano abategetsi babiri ivuga ko bafise uruhare mu gukora ibigwanisho ruhonyanganda vyo mu bwoko bwa "missiles".
Ubushikiranganji bujejwe ikigega ca Amerika bwasohoye amazina Kim Jong-sik na Ri Pyong-chol, buvuga ko bari mu ndongozi zikomeye zigenzura umugambi wa Korea ya Ruguru wo gukora "missiles" zigera kure.
Akanama kajejwe umutekano ka Onu kafatiye Korea ya Ruguru ibihano bishasha ku munsi wa gatanu, ku kuba yagerageje "missiles" zigera kure.
Korea ya Ruguru ivuga kw'iyo ngingo yafashwe ariyo "mu ngwano", ko bingana no gukumira burundu ico gihugu mu vy'ubutunzi.
Ivyo bihano bishasha vya Amerika vyihanikiza abo bagabo babiri kurungika canke kuronka amahera aca muri Amerika, no kudakoresha amatungo bafiseyo.
Abo bagabo babiri barafotowe kenshi bari kumwe n'indongozi ya Korea ya Ruguru, Kim Jong-un mu bikogwa vyo kugerageza "missiles".
Ikinyamakuru Reuters kivuga ko Ri Pyong-chol yigeze gushika kw'ipete rya Jenerali mu gisirikare co mu kirere, akaba yize mu Burusiya; naho Kim Jong-sik akaba ari umuhinga w'umukukuruke mu vy'amaroketi.
Muri uno mwaka urangiye, igihugu cagerageje ubwoko bwinshi bwa "missile", kikavuga ko zishobora gushika ahariho hose ku mugabane wa Amerika.
Mu bisasu vya "missiles" biheruka gutegwa vuba, Hwasong-14 yageze ku birometero 3000 mu kirere, imbere yuko itangura kumanuka ikagwa mu kiyaga co mu Buyapani mu mpera z'ukwezi kw'indwi, naho Hwasong-15 igera ku birometero 4500.