Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Hariko harakorwa inama zo gushigikira Alexei Navalny mu matora mu Burusiya
Umukuru w'abatavuga rumwe na reta mu Burusiya Alexei Navalny yabwiye abari mu nama imwe mu gisagara ca Moscou ko ariko araronka abamushigikira benshi mu gihugu muri ino misi mu gihugu cose, ko rero ari we aukwiye kuba prezida mu kibanza ca Vladimir Putin.
Navalny ariko araca ku giti no kw'ibuye kugira izina ryiwe risubire kwandikwa ku bazokwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu Burusiya mu kwezi kwa gatatu k'umwaka uza.
Akeneye amazina 500 muri buri gisagara uko ari 25 aho afise abayoboke benshi, kandi ayo mazina yayaronse bimworoheye mu gisagara ca Moscou.
Ariko mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka, akanama kajejwe gutegura amatora muri ico gihugu karamuhagaritse kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu mu kiringo c'imyaka itanu yagirizwa kwiba amahera.