Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umusirikare wa Korea ya ruguru yahungiye muri Korea y'epfo
Abasirikare ba Korea y'epfo barashe amasase yo kugabisha ku bacungera urubibe ba Korea ya ruguru bariko bararondera umusirikare yatorotse.
Abasirikare ba Korea ya ruguru binjiye mu karere katarangwamwo ibikorwa vya gisirikare (DMZ) inyuma y'isaha zibiri (23:00 GMT) ku musi wa gatatu.
Yaturumbutse mu gipfungu kw'ibariyeri, ni ko igisirikare ca Korea y'epfo kivuga.
Ni umusirikare agize kane wa Kotrea ya ruguru ahunze uyu mwaka.
Ivyo bikaba bishitse inyuma y'indwi zike umwe muri abo batoroka yishwe muri ibi bihe vya vuba.
Ico gihe, itariki 13 z'ukwezi kwa cumi na rimwe, umusirikare yariko arahunga yararashwe igihe yariko arahungira muri Korea y'epfo mu karere gacunzwe n'impande zose mu kigwati ca Panmunjom.