Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Uganda yatanguye gukura abasirikare bayo muri Somalia
Igihugu ca Uganda kivuga ko catanguye gukura abasirikare baco bari mu mugwi w'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika, uhagarariye amahoro mu gihugu ca Somalia.
Biri mu mugambi uzotuma igitigiri c'abasirikare b'umugwi AMISOM kigabanukako abasirikare igihumbi, uno mwaka niwahera.
Kuri ubu AMISOM ifise abasirikare barenga ibihumbi mirongo ibiri bahanganye n'umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al-Shabab.
Intumbero ni uko impera n'imperuka igikorwa co gucungera umutekano wa Somalia, kizoshirwa mu minwe y'abasiriakare b'igihugu.
Haciye amezi abiri abantu amajana atanu bahitanywe n'igisasu ku murwa mukuru Mogadishu, bikerekana ko igikorwa co kuhacungera umutekano kitoroshe.