Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Urubanza rw'abasirikare ba AMISOM
Abasirikare 17 ba Uganda bari mu mutwe w'ingabo z'Umuryango w'ubumwe bwa Afurika zubahiriza amahoro muri Somalia bagejejwe imbere y'urukiko rwa gisirikare rwa Uganda rwimuriwe mu mujyi wa Mogadishu.
Barashinjwa kuba baragurishije ibikoresho bya gisirikare na lisansi mu murwa mukuru wa Somalia.
Umwe muri abo basirikare yemeye icyaha maze ahanishwa igihano cyo gufungwa umwaka umwe.
Bubaye ubwa mbere urukiko rwa gisirikare ku birebana n'ingabo zubahiriza amahoro z'Umuryango w'ubumwe bwa Afurika - AMISOM- rujya gucira urubanza muri Somalia kuva izo ngabo zagera muri icyo gihugu hashize imyaka icyenda.
Uganda niyo ifite abasirikare benshi mu mutwe wa AMISOM.