Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuryango wa Shafik ntabwo uzi aho aherereye
Umuryango wa Ahmed Shafik, wigeze kuba ministri w'intebe wa Misiri, uravuga ko utazi aho aherereye kuva aho yirukaniwe kuwa gatandatu muri United Arab Emirates akoherezwa mu gihugu cye.
Iyirukanwa rye - nyuma y'imyaka itanu y'ubuhungiro - ribaye nyuma y'iminsi myinshi atangaje ko aziyamamaza mu matora y'umukuru w'igihugu ateganijwe mu Misiri umwaka utaha.
Afatwa nk'umukandida wazateza ibibazo uyoboye Misiri muri kino gihe Abdel Fattah al-Sisi.
Akigera ku kibuga cy'indege cya Cairo, Bwana Shafik yabonetse ashyirwa mu murongo w'imodoka za leta.
Ibitangazamakuru byo muri icyo gihugu biravuga ko hari ikirego cyizumvwa muri kuno kwezi gisaba ko nta muntu urengeje imyaka 70 wagombye kwemererwa kwiyamamariza kuyobora Misiri.
Bwana Shafik afite imyaka 76.