Brexit: Ubwongereza bwemeye kwongereza amahera bwoha EU

Amahera Ubwongereza bwoha EU ni yo yari intambamyi mu biganiro vya Brexit

Ahavuye isanamu, Google

Insiguro y'isanamu, Amahera Ubwongereza bwoha EU ni yo yari intambamyi mu biganiro vya Brexit

Reta y'Ubwongereza yongereje bimwe biboneka amahera itegura kuriha EU mu mugambi wo kuvavanura n'iryo shirahamwe.

Ariko ibiro vy'umushikiranganji wa mbere birahakana vyivuye inyuma ko vyongereje amahera yo gutanga gushika ku miriyaridi zishika 55 z'ama euro.

Bavuga ko ayo mahera atari yo namba.

Ivyo biro bivuga ko amahera atarumvikanwako ko ibiganiro bikibandanya.

Umunyamabanga w'Ubwongereza ajejwe Brexit David Davis n'uwurongoyeintumwa za EU muri ivyo biganiro Michel Barnier bari bamaze imisi bagerageza gushika ku masezerano bise 'yo kwahukana'

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Umunyamabanga w'Ubwongereza ajejwe Brexit David Davis n'uwurongoyeintumwa za EU muri ivyo biganiro Michel Barnier bari bamaze imisi bagerageza gushika ku masezerano bise 'yo kwahukana'

Uwurongoye intumwa z'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya (EU) muri ivyo biganiro vya Brexit, Michel Barnier, yavuze ko yizeye ko agiye gushikiriza iryo shirahamwe icegeranyo ku mahera bumvikanye n'Ubwongereza mu misi iri imbere.