Myanmar yemeye gutahukana aba Rohingya bahunze ico gihugu

girl looking out from a makeshift shelter

Ahavuye isanamu, AFP/ Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ibihumbi amajana vy'aba Rohingya ubu baba mw'ikambi y'impunzi nk'iyi muri Baangladesh

Igihugu ca Bangladesh cagiriraniye amasezerano na Myanmar yo guhungura ibihumbi amajan vy'aba Rohingya b'aba Islam bahunze ibitero vya gisirikare biheruka.

Nta do n'ido ry'ayo masezerano ryamenyeshejwe, yashizweko umukono n'abategetsi ba Myanmar ku mugwa mukuru w'ico gihugu Nay Pyi Taw.

Bangladesh yavuze ko ari "intambwe ya mbere". Myanmar yavuze ko hageze kwakira aba Rohingya " vuba vyihuta".

Amashirahamwe atanga imfashanyo afise amakenga ko abo barohingya bashobora gutahukanwa ku nguvu hatitaweho umutekano wabo.

Abarohingya n'abantu batagira igihugu bamaze imyaka myinshi bacurwa bufuni na buhoro mu gihugu ca Myanmar, kizwi kandi nka Burma.

Abarenga 600.000 bahungiye mu gihugu kibanyi ca Bangladesh kuva hadutse intambara mu ntara ya Rakhine mu kwezi kw'umunani.

Ku musi wa gatatu, umunyamabanga wa reta ajejwe imigenderanire ya Amerika Rex Tillerson yavuze ko ibitero vya gisirikare ya Myanmar ku nkehwa z'abarohingya ari igikorwa c'ihonyabwoko.

Mu ndwi iheze, igisirikare ca Myanmar cararahiye ko ataco cagira kuri ubwo bwicanyi bw'aba Rohingya.

Crahakanye ko kitishe aba Rohingya, ko kitigeze giturira ibigwati babamwo, gufata ku nguvu abagore n'abigeme no kwiba ivyo batunze.

Ivyo bitandukanye n'ivyo umumenyeshamakuru wa BBC yabonye muri iyo ntambara, Onu yise ko ari ihonyabwoko.