Emmerson Mnangagwa yagarutse muri Zimbabwe

Emmerson Mnangagwa yarigeze kuba umufasha wa hafi wa Robert Mugabe

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Emmerson Mnangagwa yarigeze kuba umufasha wa hafi wa Robert Mugabe

Uwahora ari icegera c'umukuru w'igihugu muri Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa, yagarutse mu gihugu imbere y'iminsi ibiri ngo arahizwe ka mukuru w'igihugu.

Iyirukanwa rya Bwana Mnangagwa na Robert Mugabe mu ndwi zibiri ziheze, ryatumye igisirikare gifata ubutegetsi, abanyagihugu biha amabarabara, bituma Bwana Mugabe atanga imihoho ku munsi wa kabiri.

Bwana Mnangagwa yari muri Afrika Yepfo, aho yabonanye na Perezida Jacob Zuma wa Afrika Yepfo imbere yuko ahaguruka aja muri Zimbabwe.

Umugambwe uri ku butegetsi ZANU-PF wavuze ko Bwana Mnangagwa azorongora igihugu gushika ku matora ategekanywa mu kwezi kw'icenda mu mwaka uza.