Imyiyerekano yo kwiyamiriza igurishwa ry'abantu muri Libya mu burundi

Issa Niyongere Aserukira ishirahamwe ry'abametise mu karere k'ibiyaga binini mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubuja mu gihugu ca Libya
Insiguro y'isanamu, Issa Niyongere Aserukira ishirahamwe ry'abametise mu karere k'ibiyaga binini mu myiyerekano yo kwiyamiriza ubuja mu gihugu ca Libya

Mu Burundi, umuntu umwe ariko aragira imyiyerekano yo kwiyamiriza igurishwa ry'abantu nk'abaja mu gihugu ca Libya nk'uko biherutse kwerekanwa n'imboneshakure yo muri Amerika ya CNN.

Issa Niyongere aserukira ishirahamwe ry'abametise mu karere k'ibiyaga binini amaze imisi ibiri azunguruka igisagara ca Bujumbura ari mu modoka yiwe iriko ivyandiko vyiyamiriza ubuja bubera muri Libya.

Agenda araca kandi mu bibanza bitandukanye biranga ico gihugu harimwo n'ubuserukizi bw'ico gihugu.

" Ibi nabikoze kugira niyamirize ico gikorwa co kudandaza abantu cadutse muri Libya muri iki kinjana ca 21", uko ni ko Issa Niyongere avuga.

Issa Ndikumana avuga:" Ibi nabikoze kugira niyamirize ico gikorwa co kudandaza abantu cadutse muri Libya muri iki kinjana ca 21"
Insiguro y'isanamu, Issa Ndikumana avuga:" Ibi nabikoze kugira niyamirize ico gikorwa co kudandaza abantu cadutse muri Libya muri iki kinjana ca 21"

Ku modoka yiwe hari ivyandiko biri mu rurimi rw'igifaransa bisaba ko urwo rudandazwa rw'abantu ruhagarara ubwo nyene.

Bamwe mu bariko barahita basoma ivyo vyandiko bavuga ko ari agahomerabunwa.

Alain Pamelo avuga ko yavyize muri kahise, atari yibaza ko vyoba muri kino gihe.

"Jewe navyize muri kahise, nari nibaza ko ari ibintu vyatujijwe bizasubira kuba. Nkibibona ku mbuga ngurukanabumenyi, nibajije ko ari uguhuguza, ariko numvise isi yose iriko irabivuga, naciye mbona ko vyabaye. Bireteye isoni muri kino kinjana ca 21, nohamagarira abantu bose, na cane cane abakiri bato kuvyiyamiriza," uko ni ko Alain Pamelo avuga.

Imyiyerekano yo kwiyamiriza igurishwa ry'abantu muri Libya mu burundi
Insiguro y'isanamu, Imyiyerekano yo kwiyamiriza igurishwa ry'abantu muri Libya mu burundi

Na yo Ndikumana Saidi asaba ko umukuru w'igihugu ca Libya bomuca amahani kugira urwo rudandazwa ruhagarare.

"Jewe nsaba ko ibihugu vyegereye Libya vyogora ico bifashije hanyuma n'umukuru w'ico gihugu agacibwa amahani," uko ni ko Ndikumana Saidi avuga.

Amasanamu yerekanywe n'imboneshakure yo muri Amerika CNN yatumye abantu benshi biyamiriza igurishwa ry'abantu ririko ribera mu gihugu ca Libya, harimwo n'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika.