Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Nigeria: Igitero c'umwihevyi cahitanye 50
Igipolisi ca Nigeria cavuze ko niburiburi abantu 50 bapfuye mu gitero ca bombe c'umwiyahuzi mu gisagara ca Mubi kiri mu buraruko bushira ubuseruko.
Umuvugizi w'igipolisi yavuze ko mirongo bandi bakomeretse igihe uwateye yiturikije ku musigiti mu bisabisho vyo mu gitondo.
Ivyabona bivuga ko vyabonye imibiri yatandukanye muri ico kibanza.
Mubi ni igisagara kiri mu ntara ya Adamawa, aho abagwanyi b'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu Boko Haram bakorera.
Baragwije ibitero vy'ubwihevyi inyuma yaho igisirikare cigaruriye akarere kagenzugwa n'uwo mugwi.
(Imigumuko ya Boko Haram imaze imyaka umunani mu buraruko bwa Nigeria imaze gutuma hapfa ibihumbi vy'abanyagihugu, imiliyoni z'abandi bakugwa mu vyabo).