Prezida Macron yatumiye uwahora arongoye leta ya Libani

Amashusho ya Saad Hariri aramanitswe ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Amashusho ya Saad Hariri aramanitswe ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yatumiye uwahora arogoye leta ya Libani aheruka gutanga imihoho Saad Hariri n'umuryango wiwe mu gihugu c'Ubufaransa, ariko avuga ko ata buhungiro yiteze kumuha.

Ubutegetsi bw'Ubufaransa bwavuze ko Bwana Hariri azoshika mw'ico gihugu"mu minsi iri imbere".

Bwana Hariri yatanze imihoho bitari vyitezwe ari mu rugendo mu gihugu ca Arabie Séoudite itariki 4 Ukwezi kwa 11, bituma haduka uruhagarara rwa politike mu gihugu.

Leta ya Saudi irahakana ko imugumije ku gahato canke ko ariyo yoba yamusavye gutanga imihoho, mu kurondera kugabanya uruhara Irani ifise ku burongozi bwa Libani.

Ku munsi wa gatatu, umukuru w'igihugu ca Libani Michel Aoun yagirije Arabie Séoudite ko ipfunze Bwana Hariri, avuga ko ata na kimwe gisigura ukuba atari mu gihugu.

Hagataho, Bwana Hariri yavuze ashimitse ko ata ngorane afise, ko azosubira muri Libani vuba.

Bwana Macron ari mu rugendo mu gihugu c'Ubudagi, yavuze ko yatanze ubwo butumire bw'iminsi mike amaze kuvugana na Bwana Hariri hamwe n'igikomangoma ca Saudi, Mohammed bin Salman kuri telefone.