Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Wokoresha gute amazirantoke mu kugwanya ikeha ry'imisarani?
Mu gihugu c'Ubuhindi haravugwa cane ikibazo c'imisarani mu gihugu cose, ariko hari umuhinga yatoreye ico kibazo umuti, abanje kuvyara umuyagankuba akoresheje amazirantoke.
Ubutegetsi bw'Ubuhindi buherutse kwegeranya amahera imiliyardi 20 z'amadolari ngo buhagarike ingeso yo kwitumira mu karere bitarenze 2019.
Ishirahamwe ryitaho ubuzima bw'abanyagihugu mu karere k'Ubuhindi kagwiriyemwo abakene, ryatunganije umugambi wo kwubaka utuzu twa surwumwe.
Rikoresha umucafu uvuye mur'utwo tuzu, mu kudusukura no mu kudusanura.
Abanyagihugu bangana hafi y'inusu y'umuliyaridi baba mu gihugu hagati, ntibafise utuzu twa surwumwe mu Buhindi.
Abantu bituma mw'ishamba, ivyo bigatuma igitigiri c'abakobwa n'abagore bafatwa ku nguvu cama ciyongera, kenshi bagafatwa bagiye kwitabara.
Ishirahamwe "Sanitation and Health Rights in India" (Shri) ryaratoye inzira yo kurangiza ico kibazo.
Uwuri mu baritanguje Prabin Kumar, avuga ko yakunda guceregwa kw'ishule bitewe nuko yaja kwitabara mu mwonga ku kirometero.
Uno munsi ariko yubaka utuzu twa surwumwe mu ntara ya Bihar mu buraruko bushira ubuseruko bw'Ubuhindi, abanyagihugu bakoresha ku buntu.
Avuga ko utuzu twa surwumwe twubatswe na leta tugira ingorane iyo hageze kudusukura canke kudusanura.
Bwana Kumar yaratoreye inyishu ico kibazo.
Hagukura uwo mwanda, ishirahamwe Shri riwukebera inzira iwujana mu kibanza wegeranirizwamwo.
Muri ico kibanza iryo shirahamwe rica rivyara umuyagankuba (amashanyarazi) ku buhinga bwa "biodigester", akoresha amapompe akwega amazi, ayakura mu kuzimu.
Ayo mazi aca ayungurugwa munyuma agashigwa mu macupa, ilitiro rimwe rikagurishwa inusi y'impiya (£0.01).
Amahera avuyemwo niyo aca akoreshwa mu gusukura utwo tuzu twa surwumwe hamwe n'ukudusanura igihe bikenewe.
Shri igurisha amalitiro 3000 y'amazi ku munsi.