Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubuyapani bushobora gusambura "missiles" za Korea ya Ruguru
Perezida Donald Trump wa Leta Zunze ubumwe za Amerika (US) yavuze ko Ubuyapani bushobora gusambura ibisasu vyo mu bwoko bwa "missile" vya Korea ya Ruguru bwifashishije ibigwanisho buguriye muri Amerika.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubuyapani Shinzo Abe yavuze kw'igihugu ciwe cosamburira ivyo bigwanisho mu kirere bikenewe, avuga ko ariko arihweza ayo masezerano y'ubudandaji.
Abo bategetsi babiri bavugana n'abamenyeshamakuru igihe Bwana Trump yariko arasozera urugendo rwiwe mu Buyapani.
Korea ya Ruguru yararashe ibisasu vya "missile" kabiri mu mezi ya vuba hejuru y'Ubuyapani.
Igihe yariko arishura ku bibazo vy'abamenyeshamakuru ku munsi wa mbere, Bwana Trump yavuze ko Bwana Abe agiye kugurira Amerika ibigwanisho vyinshi vya gisirikare.
Avuga ku bijanye na "missiles" za Korea ya Ruguru, yavuze ko Bwana Abe ashobora "kuzisamburira mu kirere" igihe yoba amaze kugura ivyo bigwanisho, asigura ko ivyo vyotanga akazi ku banyamerika n'umutekano ku Buyapani.
Bwana Abe yavuze ko ariko arihweza ayo masezerano yo kugura ivyo bigwanisho, yongera avuga ko Ubuyapani bukwiye kuzamura uburyo bwo kwikingira mu kurondera ibigwanisho vyiza kandi vyinshi uravye ikibazo bategwa na Korea ya Ruguru.
Mu kwezi kw'icenda Bwana Trump yarungitse ubutumwa bwa Twitter ko azotanga uruhusha igihugu ciwe kikagurisha ku Buyapani na Korea ya Ruguru ibigwanisho bigezweko vya gisirikare.