Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump arashaka ko uwagize igitero c'i New anyongwa
Abashikirizamanza bo mu gisagara ca New York bitwariye umwimukira ava mu gihugu ca Uzbekistan yagirizwa kugira igitero cahitanye abantu umunani muri ico gisagara muri Amerika.
Sayfullo Saipov yagirizwa kandi gufasha umugwi wa Islamic State.
Avuga ku vyaha bimwagira, icegera c'umucamanza mukuru Joon Kim yavuze ko Saipov yagirizwa ivyaha bibiri bijanye n'iterabwoba.
Icaha ca mbere ni guterera ibikoresho vyo gutegura ibitero vy'iterabwoba ku mugwi wa IS, ica kabiri na co gutuma hononekara imiduga myinshi yanatumye haba abapfa n'abakomereka.
Prezida wa Amerika Donald Trump ari kumwe na reta yiwe aho akorera, yavuze ko agiye gufata ingingo zihuta ku kungene abantu binjira muri ico gihugu.
Prezida Trump kandi ashaka ko hafatwa ibihano ruhasha ku bantu bahamwe n'icaha c'iterabwoba nk'ico cabereye i New York, akifuza ko uwo mugabo yohanishw aigihano co kwicwa anyonzwe.