BBC yareze Iran muri ONU kubera itotezwa ry'abanyamakuru

BBC yatanze ikirego mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kubera gutoteza abanyamakuru bayo n'imiryango yabo, gukorwa na leta ya Iran.
Ico kirego catanzwe inyuma y'aho ubutergetsi bwa Iran butangurije amatohoza ku bakozi ba BBC 150 bo mu gisata c'ururimi rw'igi Perse n'abahoze bakorera BBC, eka n'ababafasha kuronka amakuru, ku caha co kuja inama yo kubangamira umutekano w'igihugu.
Abategetsi ba Iran kandi banafatiriye n'imitungo y'abo banyamakuru.
Ivyo BBC yavyise kubatoteza no kubizizira.

Umuyobozi wayo mukuru Tony Hall, yavuze ko ico gikorwa c'abategetsi ba Iran ari igihano c'ikivunga ku banyamakuru, ataho cari bwaboneke, kandi ko giteye kubiri n'uburenganzira bwa muntu.
Igisata c'ururimi rw'igi Perse gitangariza ibiganiro vyaco i London, bigashikira abanywanyi baharugwa muri miriyoni 18 ku ndwi, n'ubwo ibujijwe kumvikana muri Iran.
Abanyamakuru ba BBC ntibashobora kuja mu gihugu nam,ba, n'aho boba bafise ibibazo bikomeye.
Abavyeyi ba bamwe mu banyamakuru ba BBC bageze mu busaza, barasambishijwe, abandi barapfungwa.
Ikirego catanzwe na BBC kigaragaza imvo nyinshi zerekan ko Iran yarenze ku masezerano mpuzmakaungu yo nyene yishiriyeko igikumu.










