Diane Rwigara yasavye Prezida Kagame kumurekura

Diane Rwigara avuga ko ahorwa kuba yarashatse kwiyamamariza kuba umukuru w'igihugu

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Diane Rwigara avuga ko ahorwa kuba yarashatse kwiyamamariza kuba umukuru w'igihugu

Uwutavuga rumwe na leta y'u Rwanda, Diane Rwigara, yasavye umukuru w'igihugu Paul Kagame kumurekura we na nyina hamwe na mutoyi wiwe.

Aho yari yarengutse muri Sentare, Rwigara yavuze ko leta yagerageje kunumya umuryango wiwe hamwe n'abamushigikiye kuva agitangaza ko azokwiyamamaza mu kwezi kwa gatanu.

Abo bagore batatu bafashwe mu kwezi guheze bagirizwa gukoresha impapuro z'impimbano hamwe no gushaka kugumura abanyagihugu, ivyo vyose ariko barabihakana.

Anne Rwigara, Diane Rwigara na Adeline Rwigara baregwa gushaka kugumura abanyagihugu ariko barabihakana

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu, Anne Rwigara, Diane Rwigara na Adeline Rwigara baregwa gushaka kugumura abanyagihugu ariko barabihakana

Diane Rwigara yabujijwe kwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu, yatsinzwe na Bwana Kagame ku majwi hafi mirongo icenda n'icenda kw'ijana.

Urubanza rwa Diane Rwigara, nyina Adeline Rwigara na mutoyi wiwe Anne Rwigara, ruracabandanya ubu bakaba bariko baraburana kw'irekurwa ry'agateganyo.

Soma andi makuru kuri Rwigara: