Diane Rwigara yasavye Prezida Kagame kumurekura

Ahavuye isanamu, Reuters
Uwutavuga rumwe na leta y'u Rwanda, Diane Rwigara, yasavye umukuru w'igihugu Paul Kagame kumurekura we na nyina hamwe na mutoyi wiwe.
Aho yari yarengutse muri Sentare, Rwigara yavuze ko leta yagerageje kunumya umuryango wiwe hamwe n'abamushigikiye kuva agitangaza ko azokwiyamamaza mu kwezi kwa gatanu.
Abo bagore batatu bafashwe mu kwezi guheze bagirizwa gukoresha impapuro z'impimbano hamwe no gushaka kugumura abanyagihugu, ivyo vyose ariko barabihakana.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images
Diane Rwigara yabujijwe kwiyamamariza amatora y'umukuru w'igihugu, yatsinzwe na Bwana Kagame ku majwi hafi mirongo icenda n'icenda kw'ijana.
Urubanza rwa Diane Rwigara, nyina Adeline Rwigara na mutoyi wiwe Anne Rwigara, ruracabandanya ubu bakaba bariko baraburana kw'irekurwa ry'agateganyo.










