Uwujejwe amagara muri Tuniziya yahitanywe na marathon

Slim Chaker yagenywe umushikiranganji w'amagara y'abantu mu kwezi guheze

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Slim Chaker yagenywe umushikiranganji w'amagara y'abantu mu kwezi guheze

Umushikiranganji w'amagara y'abantu muri Tuniziya yahitanywe n'ingwara y'umutima inyuma yaho yirukiye "marathon" mu ntego yo gufasha kugwanya ingwara ya Cancer.

Slim Chaker, 56, yafashwe bukwi ahejeje kwiruka imetero 500, aca apfira mu bitaro vya gisirikare, niko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bwavuze.

Umushikirangaji wa mbere Youssef Chahed yavuze ko abuze umuvukanyi n'umugenzi w'akazi, apfiriye "mu gikogwa c'ubutabazi c'iteka".

Ugusiganwa kwa "marathon" kwabereye mu gisagara kiri ku nkengera ahitwa Nabeul ku munsi wa Mungu, abaguteguye barondera gukusanya amahera yo kwubaka ivuriro ry'abana bagwaye ingwara ya "cancer".

Bwana Chaker yaheruka kugenwa ka mushikiranganji w'amagara y'abantu mu kwezi guheze, inyuma yaho leta ihinduriwe.

N'umuntu yari yarakoze mu vy'amabanki, akora mu bushikiranganji bw'ikigega ca leta, ubw'inkino n'urwaruka inyuma yaho Zine al-Abidine Ben Ali aviriye ku butegetsi mu 2011.