Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ububiko bw'ibitoro bwahiye i Accra muri Ghana
Ikibanza habikwamwo ibitoro caturitse i Accra ku mugwa mukuru wa Ghana, abantu indwi bakaba baciye bitaba Imana.
Urubeya rwakwiragiye mu kirere bituma abantu benshi bahungira mu karere ka Atomic Junction, mu buraruko bushira ubuseruko bw'ico gisagara, nk'uko bivugwa n'abategetsi.
Ivyo vyashitse isaha 19:30 GMT ku musi wa gatandatu, bikavugwa ko ari ikamyo yari izanye gaze yafashwe n'umuriro.
Abantu indwi ni bo bimaze kwemezwa ko bapfiriye muri uwo muriro mu micungararo ya Legon, abandi barenga 100 barakomereka.
Ahahiye ubwa mbere ni ho hafatishije igituro c'ibitoro cari kihegereye.
Benshi mu bahungishijwe higanjemwo abanyeshure bo muri kaminuza ya Ghana, iri muri ako gace.
Prezida wa Ghana Nana Akufo-Addo yanditse kuri Twitter ko ababajwe n'iyo nkuru.
"Reta yiyemeje gukora uko ishoboye kugira ibintu nk'ivyo ntibize bisubire," ni ko yongeyeko kuri Twitter.
Mu kwezi kwa gatandatu mu 2015, abantu boba bashika 150 barahitanywe n'umuriro ku gituro c'igitoro co muri ico gisagara.