Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inzoka yahakije umuntu yahereye ku masahani muri Indonesia
Inzoka nini y'isato yarangije ubuzima nabi ifunguwe n'abanya kigwati inyuma yaho yagira yirahire umuntu aca arayica.
Umugabo akore mu kigo c'umutekano Robert Nababan yahuye n'iyo nzoka mw'ishamba ry'ibigazi hafi y'ibarabara muri komine ya Batang Gansal muri Sumatra ku munsi wa gatandatu.
Bwana Nababan yariko arondera gufata iyo sato y'imetero 7.8, nkuko amakuru avuga.
Yaramuteye, munyuma uwo mugabo n'iyo nzoka baragwana, mu mperuka Bwana Nababan arayica afashijwe n'abanyagihugu.
Uwo mugabo yarakomeretse cane.
Iyo nzoka ntiyagize amahigwe nka Bwana Nababan - ikiziga cayo caciye kijanwa mu kigwati aho abantu baje kukiraba, munyuma kirahimbagugwa, kirakarangwa, kiraribwa.
Bwana Nababan yabwiye ikinyamakuru ca Indonesia Detik: "Nagerageje kuyifata, irankomora ku kiganza, munyuma dutangura kugwana."
Uwo mugabo w'imyaka 37 ntiyasiguye igituma yagomba gufata iyo sato, ariko avuga ko hari abanyagihugu batashobora kujabuka ibarabara kubera iyo nzoka.