Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Indege yatibukiye hafi y'ikibuga c'indege ca Ndjili i Kinshasa
Abajejwe ikigo c'indege muri Republika iharanira Demokarasi ya Congo bamenyesha ko hari indege ya gisirikare yatibutse, ihitasna bantu icumi barimwo.
Iyo ndege yatibutse kubera vyanse ko ihaguruka neza iva ku kibuga c'indege ca N'djili, mu mugwa mukuru Kinshasa, itibukira mu micungararo ya Nsele.
Ntibizwi neza nimba hari bantu yoba yaguyeko bari hasi, yoba yahitanye canke yakomerekeje.
Umuyobozi w'ikibuga c'indege ca Kinshasa avuga ko iyo ndege yari mu bwoko bw'izikorera imizigo.