Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Somalia: Igitero ca Al-Shabab cahitanye abasirikare 15 i Mogadishio
Igitero ca Al-Shabab ku kirindiro c'inteko z'igihugu cahitanye abasirikare 15 i Mogadishio mu gihugu ca Somalia.
Umuvugizi w'umugwi Al-Shabab yavuze ko abagwanyi b'uwo mugwi, bifatiye ico kirindiro hamwe n'igisagara ca Barire, kiri ku birometero 50 mu bumanuko bushira uburengero bwa Mogadishio.
Yavuze ko abasirikare ba leta 21 bishwe, abandi barahunga.
Leta hamwe na Al-Shabab bakunze gutanga ibitigiri bitandukanye, iyo hageze kuvuga abapfuye.
Igihugu ca Somalia kirangwamwo umutekano muke kuva mu 1991, igihe abanyagihugu bo mu miryango itandukanye bakuriye ku butegetsi Prezida Mohamed Siad Barre, munyuma bagaca basubiranamwo.