RD Congo: Inyeshamba zateye ikivuko ca Uvira mu buseruko bw'igihugu

Ahavuye isanamu, Reuters
Inyeshamba zateye ikivuko co mu gisagara ca Uvira muri Kivu yo mu bumanuko mu buseruko bw'igihugu, ku nkengera z'ikiyaga Tanganyika.
Igisirikare ca Repubulika Iharanira Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), cavuze ko inteko zigwanira mu mazi zagwanye zisubiza inyuma abagwanyi b'aba Mai Mai, bashitse muri ako karere bari mu mato y'imoteri.
Inteko za Onu zafashije mu gutanga indege yo mu bwoko bwa kajugujugu, yatumye abo bagwanyi bomogwa mu bigwati bihegereye.
Umukuru w'izo nyeshamba yavuze ko agwanya Prezida Joseph Kabila, yagumye ku butegetsi ikiringo ciwe carangiye.
Bivugwa ko abo ba Mai Mai aribo bari mu bucuruzi budaciye mu mategeko bw'inzahabu, bukoregwa mu karere k'ikiyaga Tanganyika.






