Thailande: Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Yingluck Shinawatra yaciriwe gupfungwa imyaka 5

Yingluck Shinawatra

Ahavuye isanamu, AFP

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Thailande Yingluck Shinawatra yahamwe n'icaha co kutitaho ibintu aca acibwa gupfungwa imyaka itanu, ariko ntiyari yitavye.

Sentare ntahinyuzwa yamuhamije icaha c'ingene atavyifashemwo neza mu kibazo c'umuceri catumye Thailande itakaza amahera agera ku miriyaridi umunani.

Uwo mupfasoni yakuwe ku butegetsi mu 2014, indwi nke imbere y'uko abasirikare bafata ubutegetsi ku nguvu, mu nyuma agahagarikwa mu mabanga yiwe burundu, Yingluck Shinawatra arahakana ivyo yagirizwa, akaba mbere yaciye ahunga imbere y'uko urwo rubanza rusomwa, aho bivugwa ko ari Dubai.

Abantu ntibavuga rumwe kuri urwo rubanza.

Aracakundwa cane n'abanyagihugu basanzwe n'abakene.

Pro Yingluck protesters

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Mu gihe haba hariko haraba urwo rubanza umupfasoni Yingluck Shinawatra yaguma afise abantu benshi baza kumushigikira

Abacamanza ba sentare ntahinyuzwa bavuze ko umupfasoni Yingluck Shinawatra yari azi amanyanga ari mw'iryo gurwa ry'umuceri, ariko ko ata co yakoze ngo ayahagarike.

Mu gihe yariko araburana, umupfasoni Yingluck Shinawatra yavuze ko atari we yakurikirana ku musi ku musi ivyerekeye uwo muceri, avuga ko ariko azira imvo za politike.