Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abavyeyi ba Warmbier basiguye amabi yakorewe muri Koreya ya ruguru
Abavyeyiba Otto Warmbier basiguye amabi umwana wabo yakorewe muri Korea ya ruguru.
Fred na Cindy Warmbier babwiye ikinyamakuru ca Fox and Friends ko abantu bo muri Korea ya ruguru ari "abitwaza iterabwoba" bakoreye amabi umwana wabo.
Uwwo munyeshure wo muri Amerika yapfungiwe i Pyongyang mu mwaka wa 2016 azira kwiba ikintu kiranga ihoteli.
Yarekuwe kugira aje kwivuza mu kwezi kwa gatandatu muri uyu mwaka, ariko yageze iwabo aremvye cane aca yitaba Imana inyuma y'imisi mike.
Korea ya ruguru yarahakanye ko itigeze imusinzikariza ubuzima.
Ivuga ko yafashwe n'ingwara iterwa n'agakoko kitwa neva ariko abaganga bo muri Amerika ntibigeze bagatora.
'Ntiyabaye impanuka'
Mu kiganira ca mbere batanze inyuma y'urupfu rw'umwana wabo, babwiye ikinyamakuru ca Fox news ko "bibaza ko hageze ko bavuga ivyashikiye umwana wabo Otto".
Abaganga bo muri Amerika bavuga ko umubiri wiwe wari waratimvye, ariko umuryango wa Warmbier uvuga ko kuvuga ko yari yamaze guta ubwenge atari vyo.
Umupfasoni Warmbier avuga ko igihe babona umwana wabo 'yavuga agerageza no kuduza ijwi ubona ko atari iryo umuntu akomeye'.
Yari amoye, ntiyabona kandi ntiyumva, amaguru n'amaboko bidakora kandi yari afise inkovu ku maguru yiwe, ni ko yavuze.
"Amenyo yo hasi yaboneka nk'umuntu bayakuye bongera kuyatondeka bushasha".
"Otto yarakorewe amabi n'impaka na Kim hamwe n'ubutegetsi bwiwe," niko Warmbier yavuze.
Yavuze ko umwana wiwe yatandukanijwe n'umuryango wiwe, igihugu ciwe, hamwe n'isi yose kandi ko reta itigeze ibaha inkuru n'imwe ijanye n'urupfu rwiwe.
Uwo muryango waranse ko waranse ko bamubaga kugira barondere icamwishe kuko bavuga ko yababaye bikwiye "ku buryo ntari kwemera ko basubira kumunkura imbere," ni ko yongeyeko.
Yateye akamo abantu ngo ntibaje muri Korea ya ruguru.
Abanyamerika barabujijwe kuja muri Korea ya ruguru.