Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump yagirije Korea ya ruguru gutwaza igikenye kubera urupfu rwa Otto Warmbier
Prezida wa Amerika Donald Trump yavvuze ko Korea ya ruguru itwaza igikenye inyuma y'urupfu rw'umunyeshure yaramaze imisi apfungiweyo haraheze amezi 15.
Korea ya ruguru yasubije iwabo Otto Warmbier w'imyaka 22, mu ndwi iheze, bavuga ko yaramaze umwaka yarataye ubwenge (coma).
Abavyeyi biwe bavuga ko yasinzikarijwe ubuzima kandi ko yafashwe nabi.
Warmbier yari yapfunzwe yagiriza kwiba ikintu canditse ibintu bishimagiza intwaro ya Korea ya ruguru mw'ihoteli, ntiyigeze asubira gutora ubwenge.