Igiturika cateye umuriro muri gariyamoshi mu Bwongereza

Ahavuye isanamu, Reuters
Igiturika cateye umuriro muri gariyamoshi mu bumanuko bushira uburengero bw'igisagara ca Londres, cafashwe nk'igitero c'iterabwoba, niko ibiro bikuru vy'igipolisi Scotland Yard vyavuze.
Ingenzi zakomeretse kubera ico giturika cabaye isaha 08:20 BST ahitwa Parsons Green.
Amafoto yerekana indobo yera yafashwe n'umuriro iri mu mufuko utangwa n'amaduka, ariko biboneka ko ata vyinshi vyononekaye muri ico cumba ca gariyamoshi.
Igipolisi cavuze ko hari abantu bakomeretse, gisaba abanyagihugu kwirinda guca muri ako karere.

Ahavuye isanamu, Reuters
Cavuze ko hakiri kare kumenya icateye uwo muriro kandi ico kibanza caciye cugagwa ku banyagihugu, niko itangazo rivuga.






