Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impunzi 301 zatahutse mu Burundi ziva muri Tanzania
General de brigad Emmanuel maganga arongoye intara ya kigoma yavuze ko Imiryango 97 igizwe n'abantu 301 ari yo yatahutse iva mw'ikambi ya Nduta mu gihugu ca Tanzania.
Muri iyo miryango 97, mirongo itandatu n'iyo mu ntara ya Ruyigi iyindi mirongo itatu n'indwi n'iyo i Bujumbura.
Umukuru w'intara ya Kigoma yari yaherekeje izo munzi z'Abarundi, yabwiye intumwa za leta y'Uburundi ko aka ari ko kanya keza kuri leta yabo ko guhimiriza impunzi gutaha.
Abategetsi baserukira ivyo bihugu bibiri bari bahishikiye mu gutanguza ico gikorwa kizobandanya gushika uyu mwaka urangiye.
Izo mpunzi zaje ziri mu modoka zunguruza abantu zitanu, zikaba zaciye zijanwa mw'ikambi y'agateganyo iri muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi iri mu buseruko bw'Uburundi.
Mu nama yo ku musi wa kabiri, reta y'Uburundi n'ishirahamwe rifasha impunzi kw'isi HCR bashize umukono ku kirangamisi cerekana ingene impunzi z'abarundi zipfuza gutahuka ziri mu makambi yo muri Tanzaniya zigiye gutahukanwa.
Nkuko bimenyeshwa n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye, impunzi zababa ibihumbi 12 ziri mu makambi zo muri Tanzaniya zizoba zatahukanywe imbere y'uko umwaka uhera.
Umushikiranganji Barandagiye asigura ko muri bo abarenga 6 800 bazoshika mu gihugu muri uku kwezi kw'icumi.
Itahuka ry'izo mpunzi rije kandi rikurikira inama yaheruka kubera i Dar-Es-Salaam mu gihugu ca Tanzania, yari yahuje Uburundi, ishami rya Onu ryitaho impunzi kw'isi HCR hamwe na Tanzania, aho bumvikanye ku kirangamisi co gutangura gutahukana impunzi.