Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Impunzi z'abarundi zababa 12.000 ni zo zizotahukanwa gushika mu kwa 12
Reta y'Uburundi n'ishirahamwe rifasha impunzi kw'isi HCR bashize umukono ku kirangamisi cerekana ingene impunzi z'abarundi zipfuza gutahuka ziri mu makambi yo muri Tanzaniya zigiye gutahukanwa.
Nkuko bimenyeshwa n'umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Pascal Barandagiye, impunzi zababa ibihumbi 12 ziri mu makambi zo muri Tanzaniya zizoba zatahukanywe imbere y'uko umwaka uhera.
Umushikiranganji Barandagiye asigura ko muri abarenga 6 800 bazoshika mu gihugu muri uku kwezi kw'icumi.
Avuga kandi ko Barandagiye avuga ko abambere bagera ku 350 bazoshika muri iyi ndwi.
«Abagera ku 150 bazoshikira mu kibanza categuwe mu Kajaga mu gisagara ca Bujumbura abandi 200 bazoshikira mu ntara ya Ruyigi mu kibanza categuwe», ni ko Barandagiye abisigura.
Umushikiranganji Barandagiye avuga ko n'intonde zatanguye gukorwa ku mpunzi z'abarundi ziri mu nkambi zo muri repubulika iharanira demokarasi ya Kongo.
Avuga ko abababa 200 bamaze kwiyandikisha kugira batahukanwe ku bushake bwabo.
Ariko uwo mutegetsi amenyesha ko impunzi z'abarundi ziri mu Rwanda zititavye akamo ko gutahuka.
Avuga ko reta y'urwanda ari yo ibabuza gutahuka.
«Murazi ko reta y'Urwanda aba bantu ibafashe bugwatimpiri, ibaboheye amaboko i mugongo ku mvo zayo ntishaka ko bagaruka mu gihugu cabo », nikwo umushikiranganji Barandagiye yavuze.
Uwuserukira HCR mu Burundi Abel Mbilinyi avuga ko impunzi zigiye gutahuka zizofashwa mu bijanye no gufungura mu kiringo c'amezi atatu bongere bahabwe imbuto zo gutera.
Igihugu ca Tanzania gihaye indaro igice c'impunzi z'abarundi bahunze kuva mu 2015, n'ukuvuga aberanga ibihumbi amajana abiri.
Mu rugendo prezida Pierre Nkurunziza yaheruka kugira muri ico gihugu mu kwezi kw'indwi, yari yateye akamo impunzi ngo zitahuke.