Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amatora mashasha ya prezida muri Kenya azoba mu kwezi kwa 10
Akanama kajejwe gutegura amatora muri Kenya kamenyesheje ko amatora mashasha ya prezida muri ico gihugu azoba itariki 17 z'ukwezi kwa cumi.
Umukuru w'ako kanama kajejwe gutegura amatora muri Kenya, Wafula Chebukati avuga ko ayo matora azohuza abantu babiri gusa, prezida Uhuru Kenyatta hamwe n'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Raila Odinga.
"Ntituzosubira guhitamwo abitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri ayo matora mashasha. Abitwaye banka ivyavuye mu matora, Raila Odinga n'uwo bafadikanije Stephen Kalonzo Musyoka hamwe n'uwitwariwe prezida Uhuru Kenyatta n'uwo bari kumwe William Ruto, ni bo bonyene bazohiganwa," ni ko Chebukati yavuze.
Mukwiyamiriza ivyavuye mu matora aheruka kw'itariki 8 z'ukwezi kw'umunani, sentare nkuru yagirije akanama kajejwe gutegura amatora ko katavyifashemwo neza.
Abagize ako kanama ntibateguye amatora ajanye n'ibisabwa mw'ibwirizwa shingiro n'ibwirizwa rigenga amatora, kandi ko habaye amakosa menshi cane mu kumenyekanisha ivyayavuyemwo.