Kenya: Urunani Jubilee ngo ruriteguriye ayandi matora

Inyuma y'aho sentare ntahinyuzwa yankiye ivyavuye mu matora yo mukwezi guheze muri Kenya, icegera c'umukuru w'igihugu yasavye umugwi ujejwe gutunganya amatora gutanga isango risha ryo kuyasubiramwo.

Bwana William Ruto yavuze ko urunani Jubilee rurimwo umugambwe uri kubutegetsi, rwiteguriye amatora mashasha kandi rwizeye intsinzi ya 70, mu gihe mu yaheruka baronse 54%.

Kenya ifise amezi abiri gusa yo gutunganya ayandi matora y'umukuru w'igihugu.

Ariko kizigenza mu batavuga rumwe na leta Raila Odinga, yifuza ko umugwi ujejwe kuyatunganya usubirizwa, kuko ngo utacizewe.

Uwo mugwi ubwawo wari wasubiriye uwundi warezwe kwiba amajwi mu matora yaheruka mu 2014.