Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea y'epfo ivuga ko Korea ya ruguru iriko irategura gutera ibindi bisase.
Korea y'epfo ivuga ko yabonye ibimenyetso vy'uko Korea ya ruguru iriko irategura irindi geragezwa ry'ibisase , mbere bishoboka ko vyoba ari ibishobora gushika ku yindi migabane.
Abategetsi ba gisirikare bariko baraha umuco inama nshingamateka ya Korea y'epfo kw'igeragezwa ry'igisase c'ubumara rya Korea ya ruguru mu mpera z'iyinga.
Korea y'epfo yishuye kuri iryo geragezwa mu kugira imyimenyerezo yo kurasa rokete ku butaka no mu kirere.
Amerika yagabishije ko igikorwa cose coza kiyihungabanya canke gihungabanya incuti yayo, izocishura mu gukoresha inguvu za gisirikare.
Korea ya ruguru ivuga ko yagerageje ibombe ya hydrogene ishoboha guterwa n'igisase gishika kure.
Korea ya ruguru iguma irenga ku ngingo za Onu mu guteza imbere ibirwanisho ruhonyanganda no mu kugerageza imisase bishika kure.
Mu mezi abiri aheze, yaragerageje ibisase bishobora gushika ku y'indi migabane y'isi, kimwe mbere ikaba yagicishije hejuru y'Ubuyapani kigwa mw'ibahari ya Pacifike.
Yaragabishije kandi ko ishobora kurasa mw'izinga rya Guam riri mw'ibahari Pacifike ryegukira Amerika.
Akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi karakorana ikitaraganya kuri uyu wa mbere kugira kige inyishu kotora kuri ivyo bikorwa vya Korea ya ruguru.
Imbere y'uko iyo nama iba, abategetsi ba Korea y'epfo n'Ubuyapani bariko basaba bashimitse ko Onu yofatira ingingo ruhasha Korea ya ruguru, nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'ibiro vy'umukuru w'igihugu vya Korea y'epfo.
Ibihano biheruka vy'akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi vyafatiwe Korea ya ruguru, vyari vyerekeye gushora ibintu mu makungu.