Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea ya Ruguru: US ivuga ko ibiganiro ariyo nzira nyakuri
Umushikiranganji w'ingabo wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika (US), James Mattis, yavuze ko Amerika yizeye gutorera umuti ikibazo ca Korea ya Ruguru biciye mu biganiro.
Inyuma y'amajambo US na Korea ya Ruguru bateranye, Bwana Mattis avuga ko ingwano yokwonona vyinshi, ko ibiganiro biriko birashira ibintu mu buryo.
Ku munsi wa kane, Pyongyang yamenyesheje ko iriko iraheraheza umugambi wayo wo gutera "missiles" zine hafi y'ubutaka bwa Amerika kw'izinga rya Guam.
Imbere yaho, Prezida Donald Trump yavuze ko Korea ya Ruguru yohava ita umutwe mu gihe yoshaka guhangana na Amerika.
Uruhagarara rwariyongeye muri zino ndwi ziheze inyuma yaho Korea ya Ruguru igeragereje "missiles" zibiri ntandukira migabane mu kwezi kw'indwi.
Yahavuye mu nyuma itegwa ishavu n'ingingo ya Onu yongeye ibihano kuri ico gihugu.