Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingabo za Amerika zatangiriye imodoka z'aba IS n'imiryango yabo
Imodokari zireruye abarwanyi ba Islamic State n'imiryango yabo zaheze mu bugararwa kubera kwugarirwa inzira n'ingabo za Amerika n'abo bifatanije mu ntambara ya Syria
Hari agace ko muri Syria gaherereye ku ruhande rwa Lebani kahora mu minwe y'abayoboke ba IS gaheruka kurekurwa.
Abo barwanyi ba IS bumvikanye n'abo mu mugwi Hebollah hamwe n'ingabo za Syria ko bazovanwaho kumwe n'imiryango yabo, bakerekeza amaja mu buseruko.
Ariko rero ingabo zirongowe na Leta zunze Ubumwe za Amerika zaranse uyu mwumvikano.
Ahubwo zagavye ibitero vya za kajugujugu vyatangiriye inzira imodokari zitwaye abo barwanyi ba IS zategerezwa gucamwo.
Muri kino gihe imodokari z'abo bagwanyi zigomye mu karere k'ubugaragwa kagenzurwa n'ingabo za leta ya Syria.