Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Itohoza ku bwicanyi bw'abanyaburaya babiri i Mombasa
Igipolisi co muri Kenya kiri mw'itohoza ry'ubwicanyi bw'abanyaburaya babiri mu muji wa Mombasa uri ku nkengero z'ikiyaga Indiana.
Abo bantu babiri, umugabo n'umugore, batowe ibiziga n'abariko baratembera bitekewe hamwe mu bureta mu gitondo co kuri uyu wa Mungu.
Uwujejwe igipolisi muri ako karere, Christopher Rotich, yavuze ko bombi bari bafise ibikomere ku mitwe vyatejwe n'ikintu gikomeye nk'icuma.
Yongeyeko yuko bigaragara ko bashobora kuba bariciwe ahandi hantu, ibiziga vyabo bikaza gutabwa mu mpande z'ibarabara mw'ijoro.
Igipolisi ntikiravuga abo bishwe abo aribo, ariko kikizera ko telefone zibiri basangaye umugabo zizofasha kumenya amakuru.
Gushika ubu vyibazwa ko abo bishwe bari abakerarugendo.