Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Liverpool yanganyije na Watford
Umukino wa kabiri wa shampiyona nshya yo mu Bwongereza wahuje ikipe ya Liverpool na Watford.
Ku munota wa 93 niho umukinnyi Miguel Britos yatsinze igitego cya gatatu cya Watford gutyo bituma iyi kipe inganya 3-3 na Liverpool.
Ibitego bya Liverpool byatsinzwe na Mané ku munota wa 29, Firmino ku munota wa 55 kuri penaliti na Salah ku munota wa 57.
Ibitego bya Watford byatsinzwe na Okaka ku munota wa 8, Doucouré ku munota wa 32 na Britos ku munota wa 93.
Uyu mukino wabonetsemo ibitego bitandatu ukurikiye umukino wa mbere w'iyi shampiyona nshya wabonetsemo ibitego birindwi wabaye kuwa gatanu ugahuza Arsenal na Leicester aho umukino warangiye Arsenal itsinze Leicester 4-3.