Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umugaba wa Chelsea Abramovich yavanye n'umugore inyuma y'imyaka 10
Umugaba w'umurwi Chelsea Roman Abramovich yamenyesheje ko atandukanye n'umugore wiwe Daria Zhukova inyuma y'imyaka 10 babana.
Abo bantu babiri bafitaniye abana babiri, bamenyesheje ivy'iyo ngingo bafashe mw'itangazo bandikiye hamwe.
"Inyuma y'imyaka 10 turi kumwe, twebwe uko turi babiri twafashe ingingo igoye yo kuvana," niko itangazo rivuga.
Bwana Abramovich w'imyaka 50, agira uwi 139 mu bantu batunze cane, mu cegeranyo c'ikinyamakuru Forbes.
Afise umutungo ubagwa ku miliyardi z'amadolari 9.1.
Muri iryo tangazo, bivugwa ko abo bantu babiri bemeye "kuguma ari abagenzi, kurerera hamwe, no kuguma bakorana mu migambi bashingiye hamwe. Ngo biyemeje kurerera hamwe abana babo babiri."
Uwo mugabo w'umurusiya, yaguze umugwi wa Chelsea mu 2003, yavanye n'umugore wiwe wa kabiri Irina mu 2007.
Madamu Zhukova w'imyaka 36, agurisha utugenegene akaba ari mu nama ngenzurabikorwa mu kigo c'ivya kahise "New York's Metropolitan Museum".
Muri iryo tangazo bongeye bavuga "ko bazoguma bakorana mu mugambi batanguje bari kumwe "Garage Museum of Contemporary Art" icicaro kiri i Moscou hamwe n'ikigo "New Holland Island cultural centre" kiri Saint Petersburg.