Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Korea ya ruguru yiyamirije ibihano bishasha vya Onu
Igihugu ca Korea ya ruguru ciyamirije ibihano bishasha cafatiwe n'umuryango mpuzamakungu Onu ku vyerekeye umugambi wayo w'ibigwanisho vya "nucléaire".
Mw'itangazo ryaciye mu kinyamakuru ca Korea ya ruguru, leta ivuga ko itazigera yemera kuganira ku bijanye n'umugambi wayo wa "nucléaire" mu gihe umutekano wayo ukibangamiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Muri iryo tangazo havugwamwo kandi ko Korea ya ruguru itazigera isubira inyuma mu bikorwa vyayo vyo gukomeza ububasha bwa gisirikare bushingiye ku bigwanisho vya "nucléaire".
Ku rundi ruhande, Korea y'epfo yidogera Korea ya ruguru kuba yahakanye kuja mu biganiro vya gisirikare, isigura ko bitavuye ku mutima.
Ibihano bishasha vya Onu bitegekanya kugabanya umwimbu ushorwa hanze wa Korea ya ruguru ku gice c'ica gatatu, kubera ukwanka guhagarika kugerageza ibigwansiho vyo mu bwoko bwa "missile" na "nucléaire".