Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubutaliyano bwahagurukiye ikibazo c'abimukira
Inama nshingamateka y'Ubutaliyano yemeje ibisabwa vyo kurungika igisirikare co mu mazi gufashanya n'abacungera inkengera za Libiya kugwanya urudandazwa rukogwa ku bimukira.
Inteko zirongowe n'umusirikare w'ipete rya "Amiral" zishigikije ubwato bw'ingwano bagiye gufasha abanya Libiya gushira mu ngiro ingingo zategetswe n'ishirahamwe mpuzamakungu Onu mu masezerano yapfundikiwe mu gisagara ca Tripoli.
Abantu benshi mu bagize inama nshingamateka bavuze ko bizeye ko ibindi bihugu vya Buraya, bizokwifatanya nabo muri ico gikorwa co guhagarika urugwirirane rw'abimukira baca mu kiyaga ca Méditerranée.
Abakozi bo mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi bavuze ko ubwato bwa gisirikare "Comandante Borsini", bumaze kugera mu mazi ya Libiya bufise uruhusha bwo gusuma urusaku muri ako karere.
Umugwi w'abagwanyi wo mu buseruko bwa Libiya wagabishije ko uzokwivuna ico wise agasotoro k'igihugu c'Ubutaliyano.