Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Inzu ya perezida wungirije, Ruto, muri Kenya yagabweho igitero n'abarashi
Amakuru aravuga ko abantu bitwaje intwaro batazwi bateye inzu y'umukuru w'igihugu wungirije muri Kenya, William Ruro, mu burengerazuba bwa Uasin Gishu.
Amakuru ava muri Kenya aavuga ko abarashi baganje umupolisi wari urinze inzu binjira mu gipangu.
Kurasana byakomeje kugeza kuri iyo nzu yari igoswe na polisi.
Bwana Ruro ntiyari ari iwe igihe ibyo byabaga. Iki gitero kibaye iminsi 10 mbere y'amatora y'umukuru w'igihugu, ay'abadepite ndetse n'ay'uturere ateganyijwe mu kwezi kwa Munani.
Yari yavuye mu rugo ajya mu bikorwa byo kwiyamamaza mu mujyi wa Kitale, aho yari ari kumwe na perezida Uhuru Kenyatta.
Bwana Kenyatta ari kwiyamamaza ashaka kongera gutegeka ku nshuro ya kabiri.
N'ubwo amatora yo mu mwaka wa 2013 yagenze neza nta bikorwa by'urugomo bikomeye byagaragaye, ayabanje muri 2007 yaranzwe n'ibikorwa by'imyivumbagatanyo ndetse n'ubwicanyi aho abarenga 1.000 bishwe abandi 600.000 bavanwa mu byabo.
Ariko abakurikiranira ibintu hafi muri Kenya baravuga ko batiteze kongera kubona urugomo nyuma y'amatora yo ku wa 08/08/2017.