Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Abahohoteye umugore ngo yambaye nabi bakatiwe igihano c'urupfu
Abagabo batatu bahohoteye umugore muri bisi ngo yambaye nabi bakatiwe igihano c'urupfu na sentare ya Nairobi.
Bakatiwe ico gihano bagirijwe ko bivye bongera bakorera amabi uwo mugore.
Igihano c'igipfungo c'imyaka 25 bari bakatiwe ku gutaburirako impunzu uwo mugore, cahavuye gifutwa kubera ico gihano ca mbere c'urupfu bahawe.
Ivyashikiye uwo mugore mu 2014 vyarafashwe amasanamu, birahererekanwa ku mbuga hwaniro, bituma haba imyiyerekano mu gihugu.
Abagore baharugwa mu majana, bamwe bambaye impuzu zibegereye cane, baciye biha amabarabara ya Nairobi ico gihe, bafise ivyapa vyanditseko "MyDressMyChoice" (impuzu nambara ni je ndayihitiramwo).