Ihiganwa rya CAN gutanguzwa mu kwezi kwa gatandatu?

Abarongoye umupira w'amaguru muri Afrika bari mu nama y'iminsi ibiri muri Maroca biga kazoza k'umupira ku mugabane, bihweza n'ingene ihiganwa rya "Coupe d'Afrique des Nations" (CAN) ryoza riratangura mu kwezi kwa gatandatu.

Bagiye kwiga umwanya CAN yoberaho ntize irahura n'amahiganwa y'umupira w'amaguru yo ku mugabane wa Buraya.

Kino ni ikibazo gikomeye ku bakinyi b'abanyafrika bakina mu migwi ya Buraya.

Umukinyi wa Liverpool Joel Matip ari mu bakinyi indwi ba Cameroun bari bashikirije ko bataja mw'ihiganwa rya CAN uno mwaka.

Umugwi wa Cameroun waruhiye gutsinda iryo higanwa.