Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ihiganwa rya CAN gutanguzwa mu kwezi kwa gatandatu?
Abarongoye umupira w'amaguru muri Afrika bari mu nama y'iminsi ibiri muri Maroca biga kazoza k'umupira ku mugabane, bihweza n'ingene ihiganwa rya "Coupe d'Afrique des Nations" (CAN) ryoza riratangura mu kwezi kwa gatandatu.
Bagiye kwiga umwanya CAN yoberaho ntize irahura n'amahiganwa y'umupira w'amaguru yo ku mugabane wa Buraya.
Kino ni ikibazo gikomeye ku bakinyi b'abanyafrika bakina mu migwi ya Buraya.
Umukinyi wa Liverpool Joel Matip ari mu bakinyi indwi ba Cameroun bari bashikirije ko bataja mw'ihiganwa rya CAN uno mwaka.
Umugwi wa Cameroun waruhiye gutsinda iryo higanwa.